Ijambo ry’ugushima ku nyigisho z'ubworozi bw'inzuki na certificats zemeza ku bazikurikiranye

Image


 -Nyene icubahiro  Mwungere wa Diocese yacu ya BURURI,

   -Nyakubahwa Buramatari w’Intara  ya MAKAMBA,

   -Nyakubahwa Muyobozi  mukuru muri Fondation y’ibiganza vy’uguruye ,

     -Nyakubahwa   cegera c’umwungere wa Diocese yacu ,

   -Banyakubahwa umwumwe mu cubahiro Imana yaduhaye,

 

Kw’izina ry’abahejeje  kuronka urupapuro rw’umutsindo , no kw’izina ryanje nyene , turi  n’iteka  ntangere  n’akanyamuneza kenshi  muri kano kanya . Turakengurutse  bimwe bivuye ku mutima  dushimira nyene icubahiro  Musenyeri wacu hamwe na Fondation BIGANZA VYUGURUYE , badufashije  kuja mu mashirahamwe , nakare ngo  abagiye hamwe bagira IMANA niho mwagira  muti  reka tubereke  umwuga  uzobunganira  kwiteza imbere  muraheza muturonsa  inyigisho  ku bijanye n’ubworozi bw’inzuki ngo tuzoronke ubuki. None kuri uno munsi uri hejuru mukaba muduteye iteka ishengero rikoranye mukuduha urupapuro rw’umutsindo rwemeza ko dufise ubumenyi ku bijanye n’inzuki n’ubworozi bwazo. Ubumenyi twaronse  si ubw’i wacu gusa  ni ubumenyi  buzogirira akamaro  kanini amashirahamwe  yacu yose  ndetse n’ikibano  cacu cose  bazoheza baturabireko akarorero  kuko ngo ubwenge  burarahurwa. Tukaba dusavye abari ngaha  mwese  ngo mudufashe  gushima  no kugaragaza      umunezero  dufise  mugukoma amashi  menshi cane.Nyene icubahiro mwungere  wa Diocese  yacu, mu Burundi  aha iwacu kwivugira  ngo  umwana ahetswe neza  asohora amaboko. Turifuzako tworonswa izindi nyigisho kugira ngo tunoganze  dutsimbataze  neza inyigisho twaronse. Tukaba twongeye gukenguruka no ku mwigisha mwaturungikiye avyumva. Tukaba tubasavye nyene icubahiro ko n’ejo na ntaryo nihaboneka uwundi mugambi muze mutwiyumvireko kuko umwana aguma yeza amaso umuvyeyi. Natwe bagenzi  twaronse izo nyigisho  ntituzigumize mu mitwe yacu gusa   tuzikwiragize  mu bandi  kugira ngo abavumbi  bagwire  tubonereho  kuronka umwimbu ugwiriye w’ubuki mu gihugu cacu na rirya tuziko  ubuki bufise akamaro kanini  mu buzima  bw’abantu. Tukaba turangije tubakengurukira nyakubahwa na mwebwe mwese muvyagiye ngaha murakoze. Ni tugire amahoro ni dusangwe  amahoro ya kristu.

Pratique sur l'apicuture moderne

Image

Distribution des ruches modernes aux bénéficiaires

Image

L'entretien des ruches modernes est de les mettre sur des étagères

Image

Technique de transvasement des abeilles de la ruche traditionnelle à la ruche moderne

Image

Visite du site apicole

Image

Montage des ruches

Image

NEWSLETTER